top of page

Intāsho

Updated: Dec 8, 2023


Amahoro,


Ndabahaye ikaze cane mwebwe mwese muriko murasoma ano majambo. Ndabashimiye ko mwahashitse nkizera yuko tuzoyaga dushira hamwe. Hano muzohansanga, muzohasanga kandi ivyiyumviro, isomo n'utubazo ngendana. Nkuko muzobibona mu nyandiko zizokurikira, zizoba zanditse mu ndimi zitatu harimwo Ikirundi, Igifaransa n' Icongereza. Bishobora no gushika nkavanga ururimi rumwe n'urundi. Iki gisomwa ca mbere rero ndagituye abantu bambereye icitegerezo batuma niyumvira gutanguza runo rubuga (ikindi gihe nzogira ico ndabanditseko). Kino gisomwa kandi ndagituye abaryango n'incuti zanje bamwe kumbure ntimwari muzi ko mfise ayo mvuga n'ayo nandika. Nongeye kugitura abanteye intege n'abanterereye ivyiyumviro kugira nshire inyandiko zanje ahabona, muri abo harimwo Ab'iwacu,Gakima, Ndayegamiye, Barigume, Manirakiza, Sinarinzi, Habiyaremye, Habonimana, Zigabe, Nzabampema, Ndikumasabo, Ineza, Mberincuti, Irankunda, Akumukiza na Irakoze mwarakoze. Ndangije ndagitura Imana - Irakoze for real !

N'ijwi ryuzuye urukundo,


Irakoze

ree


#Ikirundi #Burundi #Intasho#Burundianblogger


Comments

Rated 0 out of 5 stars.
No ratings yet

Add a rating
  • Facebook

©2020 Irakoze4real

bottom of page