Indagano
- Irakoze

- Feb 1
- 2 min read
Updated: Feb 13
Mwari muzi ko igenekerezo rya 21 z’ukwezi kwa Ruhuhuma ryagenewe indimi kavukire? Uku kwezi nyene, kw’igenekerezo rya 14, hari abahimbaza umusi witiriwe uw’abakundana, bakabikora mu buryo butandukanye.
Kubw’ayo matariki abiri aranga ukwezi kwa Ruhuhuma, uyu musi nahisemwo kubasangiza indagano nafashije kwandika incuti yanje mu rurimi rw’iKirundi. Akibinsaba, uwo mugenzi yari yipfuza ko ku musi w’ubugeni bwiwe nokwandika nkongera nkavuga icese kivuga urukundo rwiwe n’umukunzi wiwe.
Ico cese cari ico kuryosha urubanza, na cane cane ko umushingantahe wiwe atari umurundi. Naramugamburukiye ndacandika. Yamara uko imisi yagenda, ni ko nabona ko bitazonkundira kwishikira ahazobera ivyo birori. Vyarangiye ca cese canditswe nk’indagano umugeni yasezeranye mu rusengero.
Nta gihe kirekire cari kihaciye ntanguye gushira ahabona ibisomwa vyanje. N’aho vyari uko, yaranyijeje igikorwa c’iteka nk’ico. Ndabimushimira. J & P rugume rusosa!
Indagano za J:
Rukundo rwanje,
Rukundo rwankundiye,
Rukundo rwo mubuto bwanje,
Wewe wankunze utiziganya
Unkunda ntaragukunda
Ubimbwira ntaravyumva
Ubimbwira nkibaza umutima.
Rukundo,
Aho uvugiye ikiri ku mutima,
Ukakimbwira utadidinganya, erega uwanje warasimvye
Usimba ata gituma, usimba usenga Rugira
Rugira yarishuye.
Uno musi umutima uraremye
Ugukunda nk’uwari ukuzi
Ugukunda nk’uwakugenewe
Ubu ndagukunda nk’uwanje,
Uwugushakira ineza muri vyose.
Uno musi
Ndizera ko nahuye
N’uwo Imana yari yarateguye
Ko tuzohura, tugahuza
Umugabo w’ijunja n’ijambo
Ashitsa ico avuze, ankunda akabinyereka.
None raba uno munsi
Duhagaze imbere y’abavyeyi,
Incuti, umuryango n’ishengero rya Kristo
Ngo tugaragaze icese ubumwe bwacu.
Ndakunda ingene unkunda
Ndakunda ishaka ryawe
N’igihe warondeye ukaruha, ntiwigera unyibagira.
Uno musi ndemeye icese, kwama nibuka na ntaryo
Ko ibibazo bitorerwa inyishu mu biyago no mu gisabisho,
Mu kwihangana no kwizigira ubugwaneza bwa mugenzawe.
Ndakwemereye ko ikibazo cawe kizoba ari icanje
Ndakwemereye ko tuzosangira vyose kandi nzokwubahisha ivyanje
Ndakwemereye kuzogusengera kenshi no kukuba hafi imisi yo kubaho kwanje.
Ndagukunda.
N’ijwi ryuzuye urukundo,
Irakoze
*credit: Inanga ya Donasiyano





Comments